Akanywababo1
Uzoca unsubizamwo amagufa yanje!
Adamu yabonye vyamunaniye kubana n'umugore, aca aja kwitwara abwira Imana ati: "Wa mugore wampa yananiye ntitugishoboye kubana". Imana nayo iramubaza iti: "Vyifashe gute kugira urinde uvuga uko"?
Adamu asubizayo ati: "Asigaye ari intagondwa, ataha ijoro kandi araborerwa cane, nagira ndavuga akantuka bimwe atawobisubiramwo". Ni ho rero Imana yabaza Adamu ico yifuza, nawe ati: "Nshaka unkuremwo irindi gufa urirememwo uwundi mukenyezi abe ari we twibanira ngira ngo wewe azoba yigenza neza".
Imana iramwitegereeeeeza irumirwa, ihava iramubaza iti: "None uwo nawe nivyanka ko mubana bizoca bigenda gute"? Nawe ati: "Ivyo biroroshe uzoca unsubizamwo amagufa yanje yose nsubire kwibana jenyene nka kumwe kwa mbere"!
Inscrivez-vous au blog
Soyez prévenu par email des prochaines mises à jour
Rejoignez les 20 autres membres