Akanywababo
Aho ntushavujwe n'uko ngira ndakurye ntarasenga? Rindira nsenge...
Umupatiri yariko aratembera ku kagoroba ari wenyene agenda arasoma ishapure, ahura n'ingwe ica iravuba ngo imusimbireko imurye. Patiri aca arayikankamira ati: "Nta soni ugomba kundya ndi patiri? Ubona ari nde yosomera imisa abakristu"?
Ya ngwe ica isubizayo iti: "Aho ntushavujwe n'uko nagira ndakurye ntarasenga? Rindira nsenge nce ndakurya kandi ninamara gusenga uce umpezagira hanyuma ndakurye".
Patiri aca atangura gusaba Imana ngo imukure mu vyara vy'iyo ngwe, ati: "Mana nkiza izi ngorane ndimwo uhezagire iyi ngwe uyikuremwo agatima k'ubukoko mbashe kuyiva imbere no kubandanya ndangura ishaka ryawe".
Ingwe nayo ku ruhande rwayo yariko isenga igira iti: "Mana mpezagira, umpezagirire n'ibi bifungurwa ngira nihereze, bimpe ingoga zo kubandanya ndondera izindi mfungurwa, amen".
Inscrivez-vous au blog
Soyez prévenu par email des prochaines mises à jour
Rejoignez les 20 autres membres